Uko wahagera

Polisi y'Uburundi Ivuga ko Yafashe Abakekwako Ibitero Bitandukanye


Batatu mu Batawe muri Yompi
Batatu mu Batawe muri Yompi

Igipolisi c’Uburundi cemeje ko cafashe abantu batatu mu bagize umurwi ukekwa ko wateye grenade ku Buterere komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura mu ndwi iheze.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi yemeje ko inyuma y’ico gitero, babiri bakekwa ko ubwo bubisha baciye bahagarikwa ariko uwari abunguruje mu muduga arabacika naho iyo modoka yahavuye ifatirwa mu Nyakabiga.

OPC1 Pierre Nkurikiye avuga ko amatohoza yabandanije muri iryo joro abafashwe baciye bavuga ko umukuru wabo aba mu Ruziba nawe akaba yaciye afatwa. Igipolisi c’Uburundi kikemeza ko yari asanzwe aronderwa mu bugizi bwa nabi butandukanye.

Kiretse ko uyo murwi wagirizwa gutera igisasu ntezwantoke ku buterere cakomerekeje abantu 14 harimwo batanu bakomeretse cane mbere umwe akitaba Imana yashikanywe kwa muganga, uwuvugira igipolisi avuga ko uyo murwi ukora n’ubundi bugizi bwa nabi nko kwiba bakoresheje inkoho atanga akarorero ku gitero cakozwe mu Kinama.

Ikindi gitero bagirizwa ni icakozwe ku buriro bwo mu Kabondo kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kw’indwi 2020 n’icakozwe mu Gihosha kw’igenekerzo rya gatandatu k’uno kwezi ku kazu k’idandarizo. Aho hose ivyo bitero vyakozwe n’abitwaje ibirwanisho kandi akaba atawe bakomerekeje atari kwiba amafaranga atashoboye kumenyekana igitigiri n’amaterefone ngendanwa.

Pierre Nkurikiye amenyesha ko amatohoza igipolisi cagize yerekana ko uyo murwi ugizwe n’abantu benshi kandi bafise n'ibirwanisho bitandukanye. Uyo avugira igipolisi akavuga ko amatohoza abandanya kugira abakorana n’ako karwi eka n’ivyo bakoresha mu guhungabanya umutekano no kwiba bituzwe mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kwezi kwa gatanu muri zone Kamenge mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura abantu 2 barapfuye 10 barakomereka mu gitero ca grenade mu kirabo cakozwe n’abantu batamenyekanye ku kirabo kizwi kw’izina ‘’kwa Patrick’’ muri quartier Twinyoni.

Polisi y'Uburundi Ivuga ko Yafashe Abakekwako Ibitero Bitandukanye
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:29 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG