Uko wahagera

BURUNDI: Ubwicanyi ku Basirikare Bakuru


<b>Seçimlerde usulsüzlük yapıldığı iddiaları sonrası başlayan protestolarda bir Zimbabwe askeri başkent Harare&rsquo;de bir göstericiyi darp ediyor.</b>
<b>Seçimlerde usulsüzlük yapıldığı iddiaları sonrası başlayan protestolarda bir Zimbabwe askeri başkent Harare&rsquo;de bir göstericiyi darp ediyor.</b>

Mu kiringo c’ukwezi kumwe mu Burundi haramaze kwicwa abasirikare b’intwazangabo bane.

Colonel Emmanuel Buzubona niwe musirikare wa nyuma w’intwazangabo aherutse kugandagurwa.

Colonel Buzubona yagandaguwe n’abantu bamuteye grenade igihe yari kw’ipikipiki atashe imuhira iwe ku musi wa gatatu nk’igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro.

Imbere y’aho mu kiringo kitarenga ukwezi, Colonel Darius Ikurakure hamwe na Major Didier Muhimpundi hamwe na Capitaine Elie Mugabonuwundi, nabo nyene baragandaguwe n’abantu bitwaje ibigwanisho batarafatwa gushika ubu.

Ubwo bwicanyi bwiyongera ku bundi bwicanyi bwirirwa burahekura abavyeyi, burateye agahinda kandi buraraje ishinga abarundi hamwe n’abantu bose bakunda Uburundi.

Ivyo bibazo vyose vy’ubwicanyi, nivyo twayaze n’abashingantahe babiri bakwirikiranira hafi ibibera mu Burundi hamwe no mu ntara ya Afrika y’ibiyaga binini: George Nikiza hamwe na Ndorimana Semana.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Gaspard Baratuza, nawe nyene aravuga kur’ico kibazo c’ubwicanyi.

Mushobora kwumviriza ikiganiro Murisanga.

please wait

No media source currently available

0:00 0:51:29 0:00

XS
SM
MD
LG