Uko wahagera

Burundi: Umuntu Umwe Yarishwe n'ibitero vya Gerenade mu Buyenzi


Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye.
Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye.

Abantu 29 barakomeretse umwe aricwa mu bitero bibiri vy'ama gerenade vyakozwe kw'ibarabara rya 15 muri zone Buyenzi hagati mu gisagara ca Bujumbura mw'ijoro ryo kuri uyu wa kane.

Ivyo bitero vyabereye ku ngo zegeranye rwose kuko hagati yazo hari inzu zitatu gusa. Vyose vyakozwe ku bunywero bw’inzoga za kavukire zikorwa mu bitoke bakunze kwita « Rugombo ».

Zimwe mu ngingo igipolisi cafashe harimwo ukubuza abacuruza izo nzoga kubikorera mu mabarabara no gusaba bene ubunywero gushiraho abacungera umutekano bafashanya n'inzego z'umutekano.

Mu kiringo c'imisi 10, ibitero bitatu vy'ama grenade nivyo bimaze kuba aho mu Buyenzi.

Umuvugizi w’igipolisi c'u Burundi Pierre Nkurikiye, asigura ko ishari riri hagati y’abadandaza inzoga za rugombo ryoba ariyo ntandaro y’ibi bitero.

mwomenya ko mu kiringo c’imisi 10, abantu batatu nibo bahitanywe n’ibitero vy’ama grenade muri zone ya Buyenzi hagati mu gisagra ca Bujumbura, abagera kuri 33 barakomereka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG