Uko wahagera

Igitero c'Abitwaje Ibirwanisho Cahitanye 3 Gikomeretsa 5 mu Burundi


Ikarata ya Bujumbura

Abantu batatu barishwe, abandi batanu barakomereka mu gitero c'abantu bitwaje inkoho mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatanu mw'ijoro.

Ni igitero cagabwe mu kirabo kiri muri karitiye na zone ya Rohero iherereye muri komine Mukaza hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi.

Batatu bahasize ubuzima bose ni ab’igitsina gabo. Mu bakomeretse harimwo nyene ubunywero. Umwe mu bahasize ubuzima yakorera ibanki nkuru ya Republika y’Uburundi, BRB.

Abari bahari bemeza ko vyaboneka neza ko abagize igitero bari baje bagambiriye kwica abo bantu kandi bari babagendereje.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse ni uko bacinjira, abagizi ba nabi baciye mu muryango uganakuri comptoir aho ba nyakwigendera bariko bivunira akanyota. Binjiyenk’abantu basanzwe baroye nabonyene kwivuna akanyota.

Mu nyuma umwe muri bo yumvikanye avuga ati: “barase ngabarya”.

Ikindi bamwe mu bari bahari bavuga ni uko vyibonekeza ko intumbero abagize igitero bari bafise kwari ukwica vyonyene kuko ata kintu na kimwe bagiye bivye.

Bahejeje kwiha inkumbi abarashe baciye burira imodokari batungwa nayo bameze. Bamwe mu bari ngaho bagerageje kubakurikira baciye babamijamwo grenade.

Kuri uyu wa gatandatu mu butumwa bwanditse icegera c’umvugizi wa polisi y’Uburundi yemeje amakuru y’iki gitero n’igitigiri c’abakiguyemwo.

Moise Nkurunziza yavuze ko imodokari yazanye abicanyi yamenyekanye mugabo imparati yayo atawashoboye kuyibona.

Yongeyeko ko inyamira mabi yazindukiye kuraba ivyabaye kandi ko amatohoza akibandanya.

Naho ata bindi vyinshi yashikirije Ijwi ry’Amerika ryamenye amakuru yuko abakozi batatu b’igitsina gore gusa bakora muri ico kirabo bazindutse barahagarikwa n’igipolisi.

Iki gitero kibaye inyuma y’igihe kirekire ata bitero bivugwa mu bunywero bwo ku mugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi Bujumbura.

Ariko mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu rishira uwa kane, abantu bitwaje inkoho barishe umukenyezi muri zone ya Kanyosha mu bumanuko bwa Bujumbura. Bamusanze ariko yoza umwana mu nzu baca baramurasa.

Imvo zatumye uwo mukenyezi bivugwa ko be n’umugabo wiwe ata n’ivyerekeye politike bigera bajamwo,n’ubu ntiziramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG