Uko wahagera

Burundi: 26 Bagandaguwe n'Abitwaje Ibirwanisho mu Ntara ya Cibitoke


Bamwe mu Babuze Ababo
Bamwe mu Babuze Ababo

Abantu 26 baraye bagandaguwe 7 barakomereka, mu gitero cakozwe n'umurwi witwaje ibirwanisho mu mihana itandukanye yo ku mutumba Ruhagarika wo muri komine Buganda y'Intara ya Cibitoke mu Burundi.

Abacitse kw'icumu babwiye Ijwi ry'Amerika ko ico gitero cabaye mu ma sayine z'ijoro aho abagikoze babanje gutera grenade hama bavuza amafirimbi imbere yo kwinjira mu mihana bakica abo bahasanze bakoresheje inkoho.

Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi, Alain Guillaume Bunyoni, yavuze ko abakoze iryo bara baje baturuka mu gihugu ca Kongo. Bunyoni yahojeje imiryango yabuze yongera avuga ko uwo murwi yise uwiterabwoba uzorwanywa.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Cibitoke Fidélité Ishatse

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:25 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG