Uko wahagera

Abana 3 Baguye mu Gitero ca Grenade Yakomerekeje 8 mu Burundi


Ahabereye Igitero i Mutimbuzi
Ahabereye Igitero i Mutimbuzi

Abana batatu baguye mu gitero ca grenade cabereye kuri uyu wa kane ahitwa Gahahe, muri zone Rubirizi, komine Mutimbuzi , intara ya Bujumbura mu burengero bw'Uburundi. Ni ku rubibe bihana n'umugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura mu buraruko.

Iyo grenade yatewe hagati y'isaha zibiri n'igice n'isaha zitatu. Ababa aho mu Gahahe basigura ko batazi abateye n'impamvu zabitumye. Amakuru ava ahabereye igitero amenyesha ko " abana bishwe bari bafise imyaka iri hagati ya 6 na 12.

Igipolisi kivuga ko grenade yatewe hagati y'ibutike n'inzu yo kumweramwo abantu (salon de coiffure). " Iyo grenade yaturitse mu gihe abana bariko baraba tereviziyo. Batatu muri bo bapfuye, umwe yaguye aho nyene mu gihe babiri bapfuye bamaze gushika ku bitaro. Abandi bantu umunani bakomeretse", ni ko Pierre Nkurikiye umuvugizi w'igipolisi yanditse mu butumwa bwarungikiwe abamenyeshamakuru.

Nkurikiye amenyesha ko abantu batatu bafashwe ku mvo z'amatohoza ariko ko icatumye iki gitero kiba kitaramenyekana.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Abana Bahitanywe na Grenande Bari Hagati y'Imyaka 6 na 12
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:37 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG