Uko wahagera

Umuntu umwe yishwe na grenade I Bujumbura.


Grenade attack Bujumbura
Grenade attack Bujumbura

Ndayizeye Janvier Abdul, umugabo w’imyaka mirongo itatu n’umunani ni we yaraye yishwe na grenade mw’ ijoro ryo kuwa kabiri muri quartier ya Buterere, iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Iyo grenade yarakomerekeje n’umwana wabo w’imyaka ine, akaba yaciye anyarukanwa ku bitalo vyo ku Buterere n’imodoka ya Croix Rouge.

Umugore w’uwo muhisi, yamenyesheje ijwi ry’Amerika ko iyo grenade yatewe mu gihe uwo muryango wari uryamye.

Amenyesha kandi ko yabonye abagabo batatu atashoboye kumenya, baciye biruka bahejeje gukora ico shano.

Uwo mupfakazi yongeye avuga ati “Umugabo wanje nta ngorane yarafitaniye n’umuntu n’umwe cosigura ko yokwicwa”.

Abandi bantu babibonye bamenyesheje Radio Ijwi ry’America ko Ndayizeye Janvier Abdul yishwe kubera ari umunywanyi w’umugambwe FNL ishami rya Rwasa Agathon, umwe mu migambwe itavuga rumwe n’uri ku butegetsi.

Icegera c’umuvugizi w’igi polisi c’I Burundi yamenyesheje ko iyo nkuru mbi yayumvise ariko nta vyinshi yashatse kubivugako.

Umuntu umwe yishwe na grenade I Bujumbura. June 03, 2015
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:26 0:00

XS
SM
MD
LG