Uko wahagera

Burundi: Abantu Bane Bahitanwe n'Igitero i Bujumbura


KIRUNDO JAMBAZI
KIRUNDO JAMBAZI

Ku murwa mukuru Bujumbura, abantu bane barishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu taliki 21 y'ukwezi kwa 11 umwaka wa 2015. Abapolisi batatu barakomerekeye muri ivyo bitero vy'amasasu n’ama grenade.

Amakaritiye yumvikanyemwo amasasu n’ama grenades ni Ngagara mu buraruko bwa Bujumbura, Jabe, Bwiza, Rohero na Nyakabiga mu gisagara hagati na Musaga na Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Igipolisi kimenyesha ko mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu hatewe ama grenades cumi n’atatu ariko abiri muriyo ataturitse.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi c’u Burundi, Moise Nkurunziza yemeza ko abajejwe umutekano batanye mu mitwe n’inkozi z’ikibi.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Willy Kaneza ni we wakurikiranye iyi nkuru ari i Bujumbura.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:35 0:00

XS
SM
MD
LG