Uko wahagera

Burundi: Igitero ca Grenade Muri Muramba


Umusirikare acungereye ibarabara inyuma y'aho haterewe grenade
Umusirikare acungereye ibarabara inyuma y'aho haterewe grenade

Umunyagihugu wo ku mutumba wa Muramba muri commune Kirundo, yaraye akomeretse, atewe grenade.

Gushika ubu, abantu bateye grenade uyo munyagihugu, ntibaramenyekana. Iyo grenade yatewe igihe c’isaha zitanu z’ijoro ku musi wa kabiri.

Ezechiel Niyongabo yatewe iyo grenade akeka ko yob’ azira kuba yarahungishije umuryango wiwe.

Umukuru w’umutumba Muramba, Pierre Claver Murengatwari, avuga kw’ ata kintu kiboneka, Niyongabo yoba azira, kuko abana neza n’abandi.

Ni inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika mu Kirundo, Jean Bosco Ndarurinze

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:19 0:00

XS
SM
MD
LG