Uko wahagera

Burundi: Batatu Bishwe Barasiwe mu Bunywero


Igipolisi cemeza ko amatohoza yatanguye kandi ko ibimenyetso vya mbere vyerekana ko uwabishe aribo yarondera bonyene
Igipolisi cemeza ko amatohoza yatanguye kandi ko ibimenyetso vya mbere vyerekana ko uwabishe aribo yarondera bonyene

Abantu batatu harimwo intwazangabo mu gipolisi c’u Burundi barishwe barasiwe mu bunywero muri karitiye ya Bwiza ku mugwa mukuru Bujumbura kuruyu wa mbere ku kagoroba.

Abanyagihugu bavuga ko ababishe baje ku ma pikipiki kandi ko atawabamenye.

Igipolisi cemeza ko amatohoza yatanguye kandi ko ibimenyetso vya mbere vyerekana ko uwabishe aribo yarondera bonyene.

Bose ukwari batatu bavuka muri zone Gatete, komine n’intara ya Rumonge mu bumanuko bw’u Burundi. Umwe muribo yari intwazangabo mu gipolisi c’u Burundi yitwa Anicet Dusabumuremyi afise ipete rya OPP1 batazira Maroha. Abandi babiri n’aba sivile.

Umwe ni Protais Ndikuriyo yari umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’indero naho uwundi yitwa Ferdinand Habonimana akaba yari umukuru w’umutumba Gatete , komine n’intara ya Rumonge.

Abo bagabo barashwe bariko bivuna akanyota mu kirabo kiri muri karitiye Bwiza hagati mu gisagra ca Bujumbura nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kuruyu wa kabiri mu gatondo, mu rupangu barimwo hari hakiboneka amaraso aho barasiwe.

Igipolisi cemeza ko barasishijwe inkoho yo mu bwoko bwa pistole. Kuva ku musi w’Imana , abantu barindwi nibo bamaze kwicwa mu gisagara ca Bujumbura. Batandatu muribo baramenyekanye .

Mu bijanye n’umutekano kandi, igipolisi c’u Burundi cemeza ko kuruyu wa mbere cafashe umuntu yateye igisasu ca grenade mu bunywero kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa cumi na kabili umwaka wa 2015 igahitana bantu batatu, ikongera igakomeretsa abandi indwi.

Igipolisi kimenyesha ko uwo muntu asanzwe avuka mu Gatumba, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, yiyemereye icaha anavuga imvo zabimutumye.

XS
SM
MD
LG