Uko wahagera

Burundi: Igitero ca Grenade 2 Cahitanye 1 Gikomeretsa 2 mu Buyenzi


Bamwe mu ba polisi b'Uburundi
Bamwe mu ba polisi b'Uburundi

Umuntu umwe ni we yapfuye, babiri barakomereka mu gitero ca grenade zibiri cabereye muri zone ya Buyenzi ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura mu Burundi mu rukerera rwo kuri uyu wa kane.

Izo grenade zatewe hafi igihe c’isaha icenda zibura iminota cumi n’itanu mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu rishira uwa kane, nk’uko ababa aho muri karitiye na zone ya Buyenzi bavyemeza. Umukenyezi aba hafi yo ku numero 63 kw’ibarabara rya kabiri aho zaturikiye asaba inzego z’umutekano kongereza abawucungera. Abanyagihugu nabo abahamagirira gusubiza ibigwanisho batunze badafitiye uburenganzira.

Mu butumwa bugufi bwarungikiwe itangazamakuru, igipolisi c’Uburundi catangaje ko abantu batatu bafashwe ku mvo z’amataohoza.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika

Burundi: Igitero ca Grenade 2 Cahitanye 1 Gikomeretsa 2 mu Buyenzi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:25 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG