Uko wahagera

Gerenade Yakomerekeje Abantu 5 I Bujumbura


Polisi mu mujyi wa Bujumbura mu mwaka wa 2015
Polisi mu mujyi wa Bujumbura mu mwaka wa 2015

Abantu batanu bakomeretse mu gitero ca gerenade cabereye mu kibanza amabisi ahagararamwo ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi uno musi ku wa kabiri.

Igipolisi gitangaza ko grenade yatewe mu bantu bari mu kibanza amabisi ahagararamwo ku murwa mukuru, Bujumbura. Ivyo vyabaye hafi y’isaha zibiri zo mw’ijoro ejo ku musi wa mbere.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura, Bonfort Ndoreraho yabwiye Ibiro ntaramakuru vy'Abafransa, Agence France Presse, kw’umuntu atamenyekanye yateye gerenade mu bantu bari barindiye bisi mu kibanza zihagararamwo mu gisagara ca Bujumbura. Amenyesha kw’abantu batanu bakometse, umwe muribo bikomeye cane.

Uyu muvugizi w’igipolisi Ndoreraho avuga ko umuntu yikekwa yahagaritwe ariko afata amasanamu ahabereye ico gitero. Atangaza kw’ariko arasambishwa. Amenyesha kw’ayandi magrenade abiri yaturitse mu bibanza ata bantu barimwo ku murwa mukuru, Bujumbura, mu ndwi iheze.

Hari haheze amezi atari make ibitero nk'ivyo bitabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG