Uko wahagera

Bamwe mu Baburiye Ababo muri Boeing Max 737 Banse Inshumbusho


Robert L. Sumwalt ashinzwe urwego rujejwe umutekano w'uruja n'uruza muri Amerika ariko yisigura kuvy'insanganya rya Boeing Max imbere ya Congre ya Amerika
Robert L. Sumwalt ashinzwe urwego rujejwe umutekano w'uruja n'uruza muri Amerika ariko yisigura kuvy'insanganya rya Boeing Max imbere ya Congre ya Amerika

Imiryango 15 yo muri Kenya yaburiye ababo mw'insanganya y'indege ya Ethiopian yo mu bwoko bwa Boeing Max 737 mu kwezi kwa gatatu yanse indinshi y'akababaro yemerewe na Sosiyete Boeing, ivuga ko igiye kuyitwarira ahubwo muri sentare.

Umushingwamanza w’iyo miryango, Irungu Kangata, yasiguye ko abo aburanira biyamirije ibiganiro vyobera hanze ya sentare. Boeing ihanganye muri iki gihe n’imanza zitari nke zashingishijwe kuva indege zibiri z’iyo sosiyete zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max zigize impanuka.

Imiryango y’abari mu ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737 Max y’isosiyete y’indege itwara abantu yagize isanganya mu mazi yegereye igihugu ca Indoneziya bariko barondera kwumvikana n’isosiyete Boeing. Yamara imiryango y’abapfuye mw’isanganya ry’indege itwara abantu y’igihugu ca Etiyopiya, “Ethiopian Airlines” bararindiye gushika hari vyinshi bimenyekanye ku vyerekeye isanganya ry’izo ndege zibiri.

Isosiyete Boeing yatangaje ku musi wa gatatu ko izotanga imiliyoni 100 y’amadolari agenewe gufasha imiryango n’abo impanuka zibiri z’indege zayo zagizeko ingaruka. Izo mpanuka zibiri zahitanye abantu 346.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG