Uko wahagera

Abanyetiyopiya 17 Bahitanwe n'Impanuka ya Ethiopian Airlines Bapfubwe


Umuhango wo gupfuba abasize ubuzima muri Ethiopian Airlines, kuri Katedrale i Addis Ababa, Etiyopiya, itariki 17/03/2019.
Umuhango wo gupfuba abasize ubuzima muri Ethiopian Airlines, kuri Katedrale i Addis Ababa, Etiyopiya, itariki 17/03/2019.

Amatohoza y’ibanze ku gasandugu kirabura kabika amajwi y’ibiganiro umudereva w’indege agirana n’abamuyobora, ku ndege ya Ethiopian Airlines iheruka kugira impanuka, yerekana ko hari isano kuvyatohojwe ku ndege yo muri ubwo bwoko nyene yagize isanganya muri Indoneziya mu mwaka uheze. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Etiyopiya ajejwe gutwara abantu n’ibintu kuw’Imana.

Dagmawit Moges yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiriko biratohozwa kucateye impanuka iyo ndege mu ndwi iheze yahitanye abantu 157, bishobora kuzoshirwa ahabona mu misi 30.

Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu birenga 30 vyarahagaritse gukoresha indege zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max 8 inyuma y’iryo sanganya.

Hagat’aho, amaziko y’abanyetiyopiya 17 baguye mur’iyo mpanuka yabaye kuri uyu w’Imana.

Amasandugu yasa n’ayagaragara kuko ibisigarira bike nivyo vyashoboye gutorwa ahabereye iyo mpanuka, kandi kumenya abo bantu bizotwara amezi ashika atandatu, nkuko vyashikirijwe na reta ya Etiyopiya.

Abakozi ba Ethiopian Airlines bakoraniye hamwe kuri uyu w’Imana ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Addis Abeba bibuka abadereva babiri hamwe n’abakozi 6 bapfiriye mur’iyo mpanuka.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG