Uko wahagera

Utwuma Tubika Amajwi tw'Indege Ethiopian Airlines Twatowe


Abatabara bari ahakorokeye indege Ethiopian Airlines hafi y'i Bishoftu, mu bumanuko bwa Addis Abeba, Etiyipoya, italiki 11/03/2019.
Abatabara bari ahakorokeye indege Ethiopian Airlines hafi y'i Bishoftu, mu bumanuko bwa Addis Abeba, Etiyipoya, italiki 11/03/2019.

Abahinga bariko baratohoza indege Ethiopian Ailrlines, uyu musi ku wa mbere batoye icuma co mur’iyo ndege bita Boite Noire mu rurimi rw’igifaransa; icuma gitororokana ibiganiro umudereva agirana n’ibiro biraba uruja n’uruza rw’indege, nk’uko television y’igihugu ca Ethiopiya yabitangaje.

Iyo ndege itwara abantu yari igiye i Nairobi, yakorotse haheze iminota mikeyi igurutse, ivuye mu gihugu ca Ethiopiya, maze yica abantu bose 157 bari muri yo.

Iryo sanganya ryatumye abantu batangura kugira amakenga ku mutekano w’iyo ndege yo mu bwoko Boeing 737 MAX 8: ubwoko bushasha bw’indege nk’iyo nyene yagize isanganya mu gihugu ca Indoneziya mu kwezi kwa 10.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG