Uko wahagera

Icateye Impanuka ya Ethiopian Airlines Citezwe Kuri uyu wa Kane


Abagabo bateruye isandugu irimwo agasandugu kirabura, Black Box k'indege ya Ethiopian Airlines yagize impanuka i Paris, mu Bufaransa, itariki 14/03/2019.

Abategetsi muri Etiyopiya bitezwe kuri uyu wa kane gushikiriza ivyavuye mu matohoza ku mpanuka y’indege yo mu bwoko bwa Boeing 737 yahitanye ubuzima bw’abantu 157, nkuko vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP kur’uyu wa gatatu.

Ico cegeranyo c’ivyatohojwe kur’iyo mpanuka yabaye kw’itariki 10 z’ukwezi kwa gatatu gishobora gutangazwa kur’uyu wa kane mu gitondo muri Etiyopiya, nkuko vyashikirijwe n’abantu begereye ayo matohoza batashimye kumenyekana.

Abashinzwe kugenzura indege bo kw’isi yose bafashe ingingo yo kubuza indege za Boeing 737 MAX kuguruka mu kwezi guheze inyuma y’impanuka y’indege ya Ethiopian Airways, yabaye haheze amezi atashika atanu aho mu kwezi kwa cumi indege yo mur’ubwo bwoko nyene y’isosiyete Lion Air muri Indoneziya igize impanuka yahitanye abantu 189.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG