Uko wahagera

Perezida Donald Trump Yategetse ko Boeing 737 Max Zihagarikwa


Abavandimwe b'ababuze ababo mu mpanuka y'indege ya Ethiopian Airlines
Abavandimwe b'ababuze ababo mu mpanuka y'indege ya Ethiopian Airlines

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yategetse ko indege zose zo mu bwoko bwa Boeing 737-Max 8 na 9 zihagarikwa. Yari yadadaje imbere y'akamo ko mu gihugu no mu makungu k’ukuhagarika izo ndege.

Ingingo ya Prezida Trump ije inyuma y'uko indege zibiri zo muri ubwo bwoko zigize impanuka mu kiringo c’amezi atandatu, hapfamwo abantu 350. Prezida Trump yari yatangaje imbere y'aho ku rubuga Twitter ko muri iki gihe indege zisaba ubuhinga bukomeye cane kugira umuntu aziyobore neza.

Sosiyete Boeing ikora izo ndege yari yatangaje ku musi wa kabiri ko ata migambi ifise y’uguhagarika izo ndege. Izo ndege zikorerwa muri reta ya Washington muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG