Uko wahagera

U Rwanda Rwakumiriye mu Kirere Carwo Boeing 737-8 na 9 Max


Indege RwandAir

U Rwanda rwafashe icyemezo cyo gukumira mu kirere cyarwo indege zo mu bwoko bwa Boeing 737-8 Max na Boeing 737-9 Max. Ico gihugu gisigura ko cashingiye ku buziranenge bw'izo ndege bugikemangwa.

Mu itangazo ry’ikigo cy’igihugu gishinzwe iby’indege za gisivili mu Rwanda ryo kuri uno wa gatanu, icyo kigo gitegeka Abapilote n’abandi bagenzura iby’indege za Boeing 737-8 Max na Boeing 737-9 Max kudakora urugendo na rumwe mu kirere cy’u Rwanda kuva aho iri tangazo risohokeye .

Uyu mwanzuro w’u Rwanda wiyongereye ku yindi yafashwe n’ibihugu nka Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubushinwa, Singapore, Indonesia n’ibindi bigo by’indege mu gukumira izi ndege za Boeing. Ni inyuma y'impanuka y'indege ya Ethiopian Airlines yo mu bwoko bwa Boeing 737-8 Max yabaye ku genekerezo rya 10 ukwezi kwa gatatu igahitana abagera ku 157.

Uruganda Boeing rukora izo ndege rwatangaje ku wa kane ko narwo rubaye rurahagarika kugurisha indege zo mu bwoko bwa Max 737. Umuvugizi wa Boeing avuga ko bazobandanya bakora indege nshasha, babe barabangiye kuzigurisha imbere yuko bashiramwo ubuhinga bushasha, babugerageze, kandi babanze barindire ikizova mu matohoza y’icateye impanuka y’indege ya Ethiopian Airlines.

Impanuka ya Boeing 737-8 Max ya Ethiopian Airlines yo ku cyumweru yahitanye abantu 157 yabaye ikurikira indi y’ubu bwoko ya Sosiyete yo muri Indoneziya, Lion Air Flight, na yo yahitanye ubuzima bw’abagenzi 189 mu kwezi kwa Cumi k’umwaka ushize wa 2018.

U Rwanda rufashe uyu mwanzuro mu gihe Sosiyete nyarwanda y’Indege, RwandAir, mu rwego rwo kwagura ingendo zayo mu mpande zitandukanye z’isi yari yaratumije izindi ndege zirimo ebyiri zo mu bwoko bwa Boeing 737 – 8 MAX.

Kuva impanuka yo ku Cyumweru gishizeyaba biravugwa ko Boeing yatakaje byibura imigabane ya 10% by’agaciro kayo ku isoko bingana na miliyari zibarirwa muri25 z’amadolari ya Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG