Uko wahagera

Boeing Yahagaritse Kudandaza Indege za Boeing 737 Max


Abagabo bakuye isandugu muri ambasade ya Etiyopiya hanze y'ikigo gitohoza amasanganya y'indege i Paris, mu Bufaransa, italiki 14/03/2019.
Abagabo bakuye isandugu muri ambasade ya Etiyopiya hanze y'ikigo gitohoza amasanganya y'indege i Paris, mu Bufaransa, italiki 14/03/2019.

Ishirahamwe Boeing ryatangaje kuri uyu wa kane ko rihagaritse kugurisha indege zaryo zo mu bwoko bwa 737 Max ku ma kompanyi y’indege zitwara abantu, inyuma y’aho ibihugu nka vyose kw’isi bifatiye ingingo yo kudatwara ingenzi mur’izo ndege, inyuma y’impanuka yashikiye kompanyi Ethiopian Airlines.

Umuvugizi wa Boeing avuga ko bazobandanya bakora indege nshasha, babe barabangiye kuzigurisha imbere yuko bashiramwo ubuhinga bushasha, babugerageze, kandi babanze barindire ikizova mu matohoza y’icateye impanuka y’indege ya Ethiopian Airlines.

Abahinga b’Abafaransa muvy’indege, ejo kuwa kane, batanguye gusuzuma agasandugu kirabura kabika amajwi umudereva w’indege avugana n’abamuyobora.

Isanganya ry’indege Boeing yo mu bwoko bwa Max 8 ryo ku musi w’Imana imaze umwanya muto ihagurutse ku murwa mukuru Addis Abeba ryahitanye abantu 157. Iyindi ndege ya Max 8 yaguye mw’ibahari nayo nyene ikimara umwanya muto igihaguruka ku kibuga c’indege muri Indoneziya mu kwezi kw’icumi, ihitana abantu bose 189 bari muri yo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG