Uko wahagera

Sosiyete Boeing Imaze Guhomba Amaliliyaridi 22 Uyu Mwaka


Indege ya Boeing 737 iturutse Miami ije kugwa ku kibuga cya LaGuardia mu mujyi wa New York.
Indege ya Boeing 737 iturutse Miami ije kugwa ku kibuga cya LaGuardia mu mujyi wa New York.

Sosiyete y’indege Boeing kuri uno wa gatatu yatangaje ko iriko ihangana n’uruhombo rukomeye inyuma y’insanganya z’indege zayo zibiri zo mu bwoko bwa 737 MAX. Iyo Sosiyete nyamerika yemeje ko mu mwaka uheze nk’ano mango yari imaze kunguka amadolari ya Amerika arenga gato amamiriyaridi abiri.

Boeing isigura ko mu vyerekeye umusaruro muri rusangi wakorotse kugera ku bice bibiri ku ijana, ni ukuvuga amamiriyaridi 22 n’amamiriyoni agera kuri cenda bivuye kw’ivuguruzwa ry’amasezerano y’amakompanyi y’indege yari mu nzira yo kugura Boing 737 Max agaca ahagarikwa kubera guta icizere kuri izo ndege.

Iyi sosiyete Boeing itangaje uruhombo rwayo imyuma y’insanganya y’indege ya Etiyopiya yo mu bwoko bwa 737 Max yahitanye abantu 157 mu kwezi kwa gatatu uno mwaka, n’iyo mu gihugu ca Indoneziya yahitanye 189 mu kwezi kwa cumi mu 2018.

Mu gihe amatohoza y’ibanze yakorerwe mu Bufaransa yerekanye ko izo ndege zibiri zompi zifise ico zihuriyeko muri ayo masanganya, Boeing yavuze ko ikomeje ubushakashatsi bwo gukemura twa sorobo twatumye izo ndege zihenuka.

Ibihugu bitari bike ku migabane itandukanye inyuma y’isanganya ya Boeing 737 Max yo muri Etiyopiya vyategetse ko indege zose zo mu bwoko bwa 737 Max zikumirwa mu birere vyazo. Umuryango w’Umunyarwanda yari mu ngenzi z’iyo ndege yaguye iva i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya igana i Nairobi muri Kenya uza waritwariye sosiyete Boeing.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG