Uko wahagera

Igihugu ca Indoneziya Cahagaritse Kugura Boeing 737 Max 8


Indege Garuda yo mu bwoko bwa Boeing Max 8

Kompanyi y’indege Garuda yo mu gihugu ca Indoneziya yahagaritse kugura indege zo mu bwoko bwa 737 Max 8 zikorerwa muri Amerika. Ni inyuma y'insanganya zibiri z'indege zo muri ubwo bwoko zibaye mu kiringo c'amezi atandatu.

Mu rwandiko Garuda yarungikiye sosiyete Boeing kuri uno wa gatanu yayisavye guhagarika gukora indege 49 ziciye amamiliyaridi y’amadolari. Umuvugizi w'iyo Kompanyi yasiguye ko iyo ngingo ifashwe kuko ingenzi muri Indoneziya zataye icizere kuri izo ndege.

Amatohoza y'ibanze yakorewe mu gihugu c'Ubufaransa yerekanye ko hari isano hagati y'insanganya y'indege ya Etiyopiya yabaye mi misi mike ishize, n'iyindi yo muri Indoneziya yabaye mu kwezi kwa cumi mu 2018. Izo ndege zose zari ziri mu bwoko bwa 737 Max 8.

Ibihugu bitari bike birimwo u Rwanda inyuma y'insanganya ya Ethiopian Airlines yahitanye 157 vyakumiriye mu kirere cavyo indege zo muri ubwo bwoko kugera Boeing yerekanye ahari ikibazo n'ingene kizohuburwa.

Garuda ni yo kompanyi ya mbere ifashe ingingo yo guheba kugura Boeing 737 Max 8.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG