Uko wahagera

Sosiyete Boeing Yemeye Ikosha ku Mpanuka ya Ethiopian Airlines


Ahabereye impanuka y'indege ya Ethiopia hafi y'igisagara ca Bishoftu, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Addis Ababa, Etiyopiya, itariki 12/03/2019.
Ahabereye impanuka y'indege ya Ethiopia hafi y'igisagara ca Bishoftu, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Addis Ababa, Etiyopiya, itariki 12/03/2019.

Ishirahamwe Boeing kur’uyu wa kane ryemeye ko hari ibitagenda neza mu buhinga bwa tekinolojiya vyatumye mu kwezi guheze indege ya Ethiopian Airlines igira impanuka.

Abanyetiyopiya bakoze amatohoza barasohoye raporo y’ibanze y’icatumye iyo ndege ihitana ubuzima bw’abantu 157, bavuga ko izuru ry’indege ryaciye ritumbera hasi haheze umwanya muto ihagurutse, mu gihe umudereva vyamutaye kuw’amazi gusubiza ibintu mu buryo.

Umushikiranganji wa Etiyopiya ajejwe gutwara ibintu n’abantu yavuze ko umudereva w’iyo ndege yakurikije neza ingene iyo ndege itwarwa yisunze inyigisho zatanzwe n’ishirahamwe Boeing ariko vyamutaye kuw’amazi.

Aya matohoza y’ibanze yerekana kandi ko hari isano n’icateye impanuka y’indege nk’iyo ya Boeing 737 Max ya Indoneziya yahitanye abantu 189 mu kwezi kw’icumi iguye mw’ibahari.

Umuyobozi w’ishirahamwe Boeing, Dennis Muilenburg yashikirije ko ababajwe n’abahasize ubuzima kandi yemera ko ubuhinga bushasha bugiye gushirwa mu ndege zose zahagaritswe kuguruka kw’isi nzima kugira batorere inyishu ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG