Uko wahagera

Amerika Ishobora Kuva mu Masezerano na Irani Umwanya n'Umwanya


Perezida wa Amerika Donald Trump
Perezida wa Amerika Donald Trump

Abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya bavuga ko biteze ko perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, aza kuva uno musi ku wa kabiri, mu masezerano amakungu yagiranye n’igihugu ca Irani mu mwaka w’i 2015.

Ayo masezerano agamije kubuza Irani gukora ibirwanisho ruhonyanganda, Irani nayo igakurwako ibihano mu vy’ubutunzi yari yafatiwe n’amakungu.

Abo bategetsi bavuze ko ari nka hamwe Trump yofata ingingo yo kuvavanura n'ayo masezerano, bizoyabangamira cane.

Bitegekanijwe ko Perezida Trump atangaza iyo ngingo uno musi ku wa kabiri ku vyuko nimba azosubizaho ibihano mu vy’ubutunzi vyafatiwe Irani.

Perezida Trump yiyemeje gusubizaho ivyo bihano igihe yariko yiyamamariza kuba prezida mu mwaka w’i 2016. Mu misi ya vuba abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya bari basavye Perezida Trump kudaheba amasezeranso yo mu mwaka w’i 2015 n’igihugu ca Irani.

Yamara abaserukira ibihugu vy’i Bulaya babonanye n’abategetsi bakomeye ba Reta ya Amerika i Washington, mu misi ya vuba, batangaje ko bemera ko ata mahirwe ahari ko Prezida Trump azobandanya kwubahiriza amasezerano yo mu mwaka w’i 2015.

Ivyerekeye ibizoshikira ayo masezerano niyo Prezida Tump yayavamwo ntibitomoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG