Abashingamateka ba Buraya barenga 500 bagizwe n’Abongereza, Abafaransa hamwe n’Abadagi bandikiye bagenzi babo ba Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa kane, babasaba gushigikira amasezerano mpuzamakungu abuza igihugu ca Irani gukora ibirwanisho vya Nikleyeli, no kubuza Perezida Donald Trump kuvavanura nayo.
Trump yihaye itariki ya 12 z’ukwezi kwa gatanu ko ariho azoshikiriza nimba Reta zunze ubumwe z’Amerika zivuye muri ayo masezerano.
Igihugu ca Irani cemeranije na Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa, Uburusiya hamwe n’Ubushinwa guhagarika gukora ibirwanisho ruhonyanganda, kunguzanyo yo guhagarika ibihano mu vy’ubutunzi cari cafatiwe vyari vyarazingamitse ubutunzi bwaco.
Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel na perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macon mu ndwi iza nabo bategekanya kuzoba bari i Washington mu biganiro na Perezida Trump, kugira bamugondoze ntavavanure n’ayo masezerano, ariko mu gishingo c’aho bipfuza ko hopfuma hongerezwa ibihano kuri Teherani.
Facebook Forum