Uko wahagera

Prezida Trump Ategekanya Gusohora Ibihano Bishasha kuri Irani


Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze za Amerika yagabishije kur’uyu wa kane ko azofatira ibihano igihugu ca Irani m’ukwezi kuza, bivuye ko kitubahirije amasezerano ku bijanye n’ibigwanisho vya nucleaire, yateweko igikumu m'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatanu.

Ayo masezerano ari hagati ya Irani n’ibihugu vya rutura harimwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko Irani yarenze kubiri mur’ayo masezerano. Yavuze ko m’ukwezi kuza kw’icumi, azoshira ahabona ingingo azoba yafashe.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwa Amerika bwarafatiye ibihano amashirahamwe ashika kuri cumi na rimwe, hamwe n’abantu basanzwe bashigikiye ibikorwa vya Irani. Reta irongowe na Prezida Trump ivuga ko ivyo bikorwa ar’ivy’akagagazo, harimwo n’ibitero bikorwa biciye m’ubuhinga bwa ngurukanabumenyi, vyakozwe ku mashirahamwe y’ubutunzi ya Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG