Uko wahagera

VP Pence Asaba ko Amasezerano na Irani Yosubirwamo


Visi-Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pence, uyu musi ku wa kabiri yasubiye gutangaza ko Reta ya Prezida Trump ivuga kw’amasezerano mpuzamakungu yerekeye ibigwanisho ruhonyanganda vy’igihugu na Irani akwiye gusubirwamwo.

Yongeye avuga kw’ingingo ya Reta ya Amerika yo kwimurira ibiro vya ambasade yayo mu gisagara ca Yeruzalemu mu gihugu ca Isirayeli, ari ingingo yerekana ko Amerika itadohoka kw’ijambo.

Igihe yariko arabonana na Perezida wa Isirayeli Reuven Rivlin, Pence yavuze ko Amerika iriko iha ubutumwa ibihugu vya Bulaya bicuditse nayo buvuga ko bikenewe kw’amasezerano yo mu 2015 yatumye ibihano vyafatiwe Irani bihagarikwa, akwiye guhinduka.

Ayo masezerano yaratumye Irani gihabwa uburenganzira bwo kubandanya porogaramu Nikeleyeri yaco ku rugero rwo hasi, rutarimwo ibigwanisho ruhonyanganda.

Perezida wa Amerika Donald Trump hamwe n’abategetsi barongoye igihugu ca Isirayeli bariyamirije ayo masezerano, bakaba bavuga ko Irani cahawe vyinshi mu gihe coco, ata kintu kibona catanze.

Ibihugu birimwo Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa, Uburusiya n’Ubudagi ni vyo vyashitse kuri ayo mazezerano na Irani. Abategetsi bo mu bihugu vya Bulaya barashigikiye ayo masezerano.

Ishirahamwe rya Bulaya rirashigikiye kandi umugambi wo kubandanya ibiganiro bizotuma haba ibihugu bibiri: Isirayeli na Palesitina hamwe n’umurwa mukuru ivyo bihugu bizoba bisangiye. Uwo ni Yeruzalemu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG