Uko wahagera

ONU Iremeza ko Irani Yubahiriza Amasezerano ya Nikleyeri


Peresida Hassan Rouhani wa Irani, iburyo aganira na Yukiya AmanoUmuyobozi mukuru w’igisata ca ONU kigenzura ibirwanisho vy’ubumara i Tehran, muri Iran.
Peresida Hassan Rouhani wa Irani, iburyo aganira na Yukiya AmanoUmuyobozi mukuru w’igisata ca ONU kigenzura ibirwanisho vy’ubumara i Tehran, muri Iran.

Umuyobozi mukuru w’igisata ca ONU kigenzura ibirwanisho vy’ubumara, yatangaje kur’uyu w’Imana ko igihugu ca Irani kiriko kirakurikiza amasezerano cumvikanye n’ibihugu rutura kw’isi ku birwanisho vy’ubumara.

Yukiya Amano yabivugiye i Teheran muri Irani mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caciye kuri televiziyo ya reta.

Ivyo abishikirije mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika iri mu mpari na Irani ku ngingo iheruka gufatwa na Perezida Donald Trump mur’uku kwezi yo kutemeza ayo masezerano Irani cumvikanye n’ibihugu bitandatu rutura kw’isi mu mwaka wa 2015.

Kongere y’Amerika ubu isigaranye imisi idashika kuri 60 kugira yemeze canke ihakane gusubizaho ibihano yari yafatiye Irani vyari vyakuweho ar’uko Irani yemeye guhagarika ibikorwa vya Nikleyeri.

Abategetsi ba Irani bavuga ko bazobandanya kuyubahiriza co kimwe n’ibindi bihugu vyayeteyeko imikono ariko bagabisha ko biteguye kuvavanura nayo mu gihe Amerika yoyakurwamwo akarenge.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG