Uko wahagera

Netanyahu Aremeza ko Irani Itahagaritse Ibikorwa vya Nikleyeli


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu ashikiriza ivyemeza umugambi wa Irani wo kubandanya ibikorwa vya Nikleyeli, Tel Aviv, Israyeli, itariki 30/04/2018.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu ashikiriza ivyemeza umugambi wa Irani wo kubandanya ibikorwa vya Nikleyeli, Tel Aviv, Israyeli, itariki 30/04/2018.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yaremeje kuri uyu wa mbere ko igihugu ciwe gifise ivyemeza bishasha vyo kwizigirwa ko igihugu ca Irani gishobora kuronka ikirwanisho ca Nikleyeli, ivyo abishikirije mugihe hasigaye imisi cumi n’ibiri ngo ikiringo c’amasezerano yo mu mwaka wa 2015 amakungu yasinye n’ico gihugu kirangire.

Igihugu ca Irani camye gihakana ko ata mugambi gifise wo gukora ikirwanisho ca Nikleyeli, canebaguye ivyashikirijwe na Netanyahu.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yaciye amenyesha ko ivyo Netanyahu yashikirije ari “vyiza". Yongeye avuga ko ayo masezerano yo mu mwaka wa 2015 hagati ya Irani n’ibindi bihugu 6 rutura yari mabi kuri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Aho yari imbere y’amateleviziyo atandukanye muri Isirayeli, Netanyahu yerekanye inzandiko z’ibanga za Irani iperereza ry'igihugu ciwe ryashoboye kuronka mu mwaka wa 2017 zemeza uyo mugambi wa Irani.

Netanyahu yemeye ko ashobora guha ayo makuru ibindi bihugu hamwe n’ikigo mpuzamakungu kijejwe gucungera ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda.

Isireyeli kiremeza ko arico coterwa ubwa mbere mugihe igihugu ca Irani coronka ikirwanisho ca Nikleyeli.

Isirayeli na Irani ntibicana uwaka haraheze indwi zitari nke ku kibazo ca Siriya. Ni kubw’iyo mvo, inama nshingamateka ya Isirayeli yahaye uburengenzira ku musi wa mbere umushikiranganji wa mbere hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi bwo gutera Irani batarinze gukoranya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG