Abashingamateka ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika batoye ku bwinshi itegeko rijanye no gufatira ibihano bishasha Igihugu ca Irani, kur’uyu wa kabiri.
Abategetsi ba Amerika bagabishije ko bazofata ibindi bihano mu gihe Irani ibandanya guhungabanya umutekano wo mu karere k’ubuseruko, gushigikira imirwi y’iterabwoba, guhingura ibirwanisho vya misile hamwe no kwirengagiza amasezerano ku bijanye n’ibirwanisho vya nucleaire, yo mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, Irani ifitaniye na Amerika n’ibindi bihugu vya rutura.
Ingingo y’iryo tegeko, yemewe n’abashingamateka, itegekanya kandi gufatira ibihano ibihugu vya Koreya y’Epfo bivuye ku birwanisho vya misile ibandanya kugerageza mu kirere, hamwe n’Uburusiya ku bijanye n’ukwivanga kwabwo mu matora ya Amerika yabaye m’umwaka uheze.
Ingingo y’iryo tegeko itowe mu gihe ibiro vya Prezida Donald Trump vyari vyagerageje kurihagarika kugira itegeko rya Prezida Trump ku bijanye no gukura ivyo bihano rirengane. Ayo matora akurikiye ayari yabaye mu nama nkenguzamateka, m’ukwezi guheze, aho abakenguzamateka bemeje ku bwinshi ivyo bihano.
Facebook Forum