Uko wahagera

Uburaya Ntibushigikiye Isenyurwa ry'Amasezerano Nikleyeri na Irani


Federica Mogherini ajejwe imigenderanire mu muryango w'ubumwe bwa Buraya

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump atangaza ko ingingo aherutse gufata yo kutemeza amasezerano amakungu yumvikanyeko na Irani kuvya Nikleyeri mu mwaka wa 2015 ishobora kuba inzira yo kuvavanura burundu nayo.

Ivyo Trump yabishikirije kur’uyu wa mbere mu nama n’abashikiranganji biwe mu biro White House. Trump yashikirije ko abatari bake bashigikiye ingingo yiwe yo gusokora mur’ayo masezerano yemejwe n’ibihugu bitanu ntahegayezwa mu nama ya ONU ijejwe umutekano hamwe n’ubumwe bwa Buraya.

Nta ruhande na rumwe mu bayemeje rumushigikiye, ari naco gituma mu nama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bwa Buraya yabereye I Luxemboury kur’uyu wa mbere, yashinze ko Federica Mogherini ajejwe imigenderanire mur’uyo muryango aja I Washington kurwanira ayo masezerano mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Mogherini ategekanya kuzobonana n’abashingamateka b’Amerika hamwe na reta ya Trump imbere yuko amezi abiri abo bashingamateka bahabwa n’amategeko ashika kugira bagire ico bashikirije kucipfuzo ca Perezida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG