Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yabwiye abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa gatatu ko yipfuza kubona Amerika igumye mu masezerano mpuzamakungu abuza Irani kubandanya gikora ibirwanisho vya Nikleyeli.
Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye, Macron yavuze ko Igihugu ca Irani kidakwiye guhabwa akaryo na gato ko gutunga ibirwanisho vya Nikleyeli.
Ariko uwo mutegetsi w’Ubufaransa ntiyagaragaje ko Perezida w’Amerika Donald Trump arwanya ayo masezerano yo mu mwaka wa 2015, mugihe ahigira kwongera guha ibihano vy’ubutunzi Teherani.
Nkuko yabibwiye Trump mu mubonane bagiranye ku musi wa kabiri muri White House, Macron yasavye ko hoba ibiganiro vyoshika ku yandi masezeramo mashasha na Irani ku kibazo co kugerageza Misile, ibikorwa vya gisirikare kirimwo muri Siriya, Yemeni, Libani na Iraki.
Ariko Perezida wa Irani Hassan Rouhani ku musi wa gatatu yaranse ayo masezerano mashasha canke ico cose cohindura ayahasanzwe, yaganiriweko igihe kirekire n’Ubwongereza, Ubudagi, Uburusiya, Ubushinwa, Ubufaransa na Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Facebook Forum