Uko wahagera

USA Ntiyumvikana n'Abagenzuzi kuri Nikleyeri ya Irani


Yukiya Amano na Ambasaderi w'Amerika muri ONU Nikki Haley, bompi hagati
Yukiya Amano na Ambasaderi w'Amerika muri ONU Nikki Haley, bompi hagati

Umuyobozi mukuru w’igisata ca ONU gishinzwe kugenzura ibirwanisho ruhonyanganda, Yukiya Amano, kur’uyu wa kane aho yari i New York yongeye kwumvisha Ambasaderi w’Amerika muri ONU Nikki Haley, ko igihugu ca Irani cubahiriza amasezerano akibuza gukora ibirwanisho vya Nikleyeri cumvikanyeko n’amakungu mu mwaka w’2015.

Bubaye ubugira kabiri abo bategetsi babonana. Ubwa mbere babonaniye i Vienne muri Autriche mu mpera z’ukwezi kw’umunani, igihe Nikki Haley yari yagendeye ku cicaro c’ico gisata kur’ico kibazo c’amasezerano ya Nikleyeri na Irani.

Inyuma y’urwo rugendo, Perezida Donald Trump mu kwezi kwa cumi yaciye afata ingingo yo kutongera kwemeza ko Irani yubahiriza ayo amasezerano, ingingo yaciye irungikirwa inama nshingamateka y’Amerika nayo ikazoraba ko bikenewe ko ibihano vyari vyafatiwe ico gihugu bisubizwaho.

Yukiya Amano yongeye gusubiriramwo uwo mudiplomate w’Amerika ko gushik’ubu igisata ca ONU kigenzura ibice vyose cipfuza coba gikeka muri Irani.

Mu mpera z’ukwezi kwa munani Nikki Haley yari yasavye ko ibikorwa vyo kugenzura Irani bikomezwa, akanegura ko bidakorwa uko bibereye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG