Uko wahagera

Amashirahamwe Asaba Irekurwa ry'Abamenyeshamakuru 4 ba Iwacu


Abamenyehsmakuru Bafunzwe
Abamenyehsmakuru Bafunzwe

Abamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru cigenga Iwacu mu Burundi uyu musi barumanije umwaka bari mw'ibohero. Ikinyamakuru bakorera, amashirahamwe aharanira ubwigenge bw'abanyamakuru n'ubwa kiremwa muntu basaba umukuru w'igihugu kubarekura.

Uhereye kw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, RSF, kugeza ku muryango mpuzamahanga uharanira agateka ka zina muntu, Human Rights, uciye kuri mugenzi wawo Amnesty International, bose basaba irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru.

Avugana n’Ijwi ry’Amerika kuri terefone, Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri RSF yavuze ko aba bakozi ba Iwacu bafungiwe ubusa kandi ko muri sentare vyabonetse ko dosiye yabo yera. Niko gusaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye gukoresha ububasha bwiwe akabarekura.

Mu majambo yiwe yagize ati: "Uyu wa 22 ukw’icumi ni isabukuru mbi kw’isabukuru ry’I Burundi kuko haheze umwaka abanyamakuru ba Iwacu bafunzwe . Birateye akoba rero na cane cane ko prezida mushasha yatowe ata na kimwe yakoze ngo ashire iherezo kuri politike y’ukuburabuza itangazamakuru y’uwo yasubiriye. Iterabwoba rirakomeza, abamenyeshamakuru baracafunzwe, tukamusaba guha ikigongwe aba banyamakuru coba ari ikimenyetso ciza kw’itangazamakuru ry’I Burundi riri ku nkombe, ryasugerejwe riratotezwa n’ubu rikiriko kuva mu ndyane za 2015”

Eka na Rachel Nicholson, umushakashatsi ku bibazo vy’Uburundi n’u Rwanda muri Amnesty International avuga ko ikibanza c’aba banyamakuru kitari mw’ibohero. Iri shirahamwe n’ayandi menshi yari yandikiye Perezida Ndayishimiye imbere y’uko yimikwa amusaba kubarekura co kimwe n’abaharanira agateka ka kiremwa muntu bafunzwe mu gihugu ciwe. Uwu mupfasoni yemeza ko bacitse intege ariko batazoreka gusemerera.

Yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: "Koko turacitse intege kubona inyuma y’umwaka bahagaritswe abanyamakuru bane ba Iwacu bakiri mw’ibohero. Uwuserukira Leta nk’urugero ntiyigeze yerekana ko bigeze bavugana n’abiswe aba roberi. Turadendebukiwe kubona ugusaba ubutungane ataco vyashitseko ariko ntituzoreka kuguma tubisaba co kimwe n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu”

Arnaud Froger wo muri RSF asa nk'uwunganira Rachel, nawe yemeza ko ubwigenge bw’itangazamakuru ari intango y’umurindi w’iterambere muri vyose. Ahamagarira umukuru w’igihugu kuvyitwararika. Mu majambo yiwe yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" Iyo politike ntishobora kuramba. Uburundi bukeneye inkuru zitomoye, Abarundi barakeneye amakuru kandi kugira bishoboke, n’uko abanyamakuru bacidadira bakora umwuga neza badatinya ingaruka mbi. Irekurwa ry’abanyamakuru ba Iwacu ni co gipimo. Ibinyamakuru vy’I Burundi bizoronka agahengwe nayo Uburudi muri rusangi butore akoyoko. Prezida musha arafise ubwo bubasha bwo kwiyugurura no kwemera abaharanira agateka ka zina muntu n’ubwisanzure. Ni ngmbwa ko aba banyamakuru bamaze umwaka bafungiwe ubusa barekurwa. Ni umunzane ukomeye mu misi ya mbere ya prezida musha w’Uburundi”

Aba bamenyeshamakuru bagizwe n'abakenyezi babiri n'abagabo babiri ari bo Christine Kamikazi, Agnes Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana bagirijwe" kugerageza gufadikanya n'abashatse guhungabanya umutekano w'igihugu" bakaba bahanishijwe umunyoro w'imyaka ibiri n'igice mu mpera z'ukwezi kwa mbere uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG