Uko wahagera

Abamenyeshamakuru b'Iwacu Bagumijwe mu Gasho i Bubanza


Abamenyeshamakuru bane b'Iwacu n'umudereva wabo barafunze

Abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru cigenga "Iwacu" ari bo Agnes Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana,Terence Mpozenzi n’umudereva wabo Adolphe Masabarakiza bagiye kubandanya bafunzwe.

Sentare nkuru y'intara ya Bubanza bafungiwemwo yavuze ko ishimye kubiyegereza mu mwanya amatohoza akibandanya. Mu kiganiro Antoine Kaburahe yatanguje ikinyamakuru Iwacu yagiranye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, yasiguye ko ari inkuru y'icamugongo ariko bagiye kwunguruza.

Kaburahe: Inkuru yo Kugumiza Abamenyeshamakuru ba IWACU mu Gasho Irababaje
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

Amashirahamwe yo mu karere nyafurika, mpuzamakungu n'abaharanira agateka ka zina muntu bakomeje kwiyamiriza ifungwa ry’aba bamenyeshamakuru n'umushoferi wabo.

Na bamwe mu banyepolitike b’Abanyamerika nka Karen Bass atwara akanama kungirije kajejwe imigenderanire y'inama nshingamateka ya Amerika n’ibihugu vya Afurika ku wa gatanu yavuze ko atewe umutima uhagaze n’ifungwa ry'abo bamenyeshamakuru.

Mu rwandiko rwiwe Karen Bass yagize ati” Ukwibasira abamenyeshamakuru ni ukwibasira ubwigenge bwa kiremwa muntu. Ndasavye irekurwa bidatevye ry’abamenyeshamakuru Agnes Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana,Terence Mpozenzi n’umudereva wabo Adolphe Masabarakiza”.

Aba bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru cigenga IWACU gikorera mu Burundi n’umushoferi wabo bahagaritswe igenekerezo rya cumi na gatanu ukwezi kwa cumi. Batawe muri yompi bari muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi aho bari bagiye kurondera amakuru y'ugutana mu mitwe kwariko kuravugwa hagati y’imigwi y’abantu bitwaje ibigwanisho baturutse muri Kivu y’ubumanuko muri Republika ya demokarasi ya Kongo.

Umuhari ugwanya Leta y'Uburundi Red Tabara wahavuye wemeza ko abatanye mu mitwe n’inzego z’umutekano ari abagwanyi bawo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG