Uko wahagera

Abamenyeshamakuru Bagirijwe Gufadikanya n'Imigwi Irwanya Uburundi


Leta y’Uburundi yagirije abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu icaha co gufadikanya n'imigwi yateye igihugu guhungabanya umutekano.

Abo bamenyeshamakuru hamwe n'umushoferi wabo kuri uyu wa gatandatu ku mugoroba binjijwe ibohero rikuru rya Bubanza mu burengero bw'Uburundi.

Bari babanje gusambishwa n'icariho c'umushikirizamanza wa Republika muri iyo ntara Jean Marie Vianney Ntamikevyo.

Ahejeje kubumviriza bunganirwa n'umushingwamanza wabo yabagirije icaha co "gufadikanya mw'ihungabanywa ry'umutekano w'igihugu".

Aba bamenyeshamakuru n'umushoferi wabo bari bafatiwe muri komine Musigati muri iyo ntara ya Bubanza nyene ku musi wa kabiri w'iyi ndwi.

Bari baroye kurondera amakuru ku gutana mu mitwe hagati y'umugwi w'abagwanyi ba Red Tabara n'inzego z'umutekano.

Imiryango iharanira ubwigenge bwa kiremwa muntu n'agateka k'abamenyeshamakuru yariyamirije ifatwa ryabo ivuga ko "ari ubutumwa bubi butanzwe, ko ata matora yizewe kandi adahengamye ashoboka" mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG