Uko wahagera

USA: Karen Baas Asaba Irekurwa ry'Abamenyeshamakuru b'Abarundi


Umushingamateka Karen Baas ni umudemokrate akomoka muri reta ya Californiya
Umushingamateka Karen Baas ni umudemokrate akomoka muri reta ya Californiya

Umuyobozi w'akanama kajejwe imigenderanire ku bijanye n’akarere ka Afrika muri Kongre y'Amerika asaba Reta y'Uburundi kurekura abamenyeshamakuru bane b'ikimenyeshamakuru Iwacu bagakomeza akazi kabo.

Mw’itangazo yaraye asohoye, Karen Bass wo mw’ishyaka ry’Abademokrate yasiguye ko afise impungenge ku makuru aherutse gutangazwa ku vyerekeye abamenyeshamakuru 4 n’umushoferi wabo bapfunzwe n’abategetsi b’Uburundi muri iyi ndwi.

Mw’itangazo yasohoye, amenyesha ko abo bamenyeshamakuru batawe mu mvuto igihe bariko bagerageza gukora akazi kabo mu guha inkuru zikomeye abanyagihugu bo mu Burundi.

Umushingamateka Karen Bass avuga ko abamenyeshamakuru batari bake bagumye mu Burundi kugira batume amakungu amenya ubwicanyi n’ityozwa bikabaije ry’agateka ka muntu bibera muri ico gihugu. Avuga ko amatora azoba mu Burundi mu mwaka uza. Ko kubera izo mvo ari nkenerwa cane ko Reta idatoteza, idapfunga canke ngo inumye itangazamakuru.

Mw’itangazo rye, asigura ko ikinyamakuru Iwacu kiri mu binyamakuru vya nyuma bicigenga mu Burundi. Ko kubera izo mvo bikenewe cane ko Reta y’Uburundi yubahiriza ubwigenge bw’ugutangaza amakuru.

Umushingamateka Karen Bass amenyesha ko gutoteza abamenyeshamakuru ari ukugeramira bikomeye agateka ka muntu. Asaba irekurwa bidatevye ry’abamenyeshamakuru, Agnes Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana, Therence Mpozenzi n’umushoferi wabo Adolphe Masabarakiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG