Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba abategetsi b’Uburundi ko bofungura abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru cigenga Iwacu imbere y’uko amatora yo mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka agera.
Mu nama yabereye i Genève mu Busuwisi kuri uyu wa kane, abahinga ba ONU bajejwe agateka ka zina muntu bahamagarira Perezida Petero Nkurunziza gusiga arekuye abo bamenyeshamakuru bane imbere y’uko asezera ubutegetsi.
ONU ibona kandi ko iyo ngingo yotuma n’icuka c’imbere y’amatora gisubira kuba ciza.
Sentare nkuru ya Bubanza mu Burundi kw’igenekerezo rya 30 z’ukwezi kwa mbere yahanishije umunyororo w'imyaka ibiri n'igice abo bamenyeshamakuru.
Ubwa mbere bagirizwa "ugufashanya n'abahungabanije umutekano w'igihugu", mu nyuma bagirizwa "ukugerageza gufashanya n'abahungabanije umutekano w'igihugu".
Bafatiwe muri komine Musigati, intara ya Bubanza bariko barondera amakuru ku mugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho wari waciye mu ma komine atari make ya Bubanza werekeza mw’ishamba cimeza rya Kibira.
Mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, Perezida Nkurunziza yavuze ko ata ruhara afise mw’ifungwa ry’abo bamenyeshamakuru. Yavuze ko adashobora kwivanga mu bikorwa vy’ubutungane, abusaba gukora iyo dosiye neza.
Facebook Forum