Uko wahagera

Abamenyeshamakuru b'Ikinyamakuru Iwacu Bagumijwe mu Munyororo


Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu buraruko bwa Bujumbura mu Burundi yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo abamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru cigenga Iwacu kuri uyu wa gatatu ku muhingamo.

Abo bamenyeshamakuru ni Agnes Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Terence Mpozenzi. Iyo sentare yarekuye umushoferi wabo Adolphe Masabarakiza.

Antoine Kaburahe yatanguje ikinyamakuru Iwacu yabwiye ikinyamakuru cigenga SOS Medias ko ari inkuru bakiranye umubababro ariko itabaciye intege.

Aba bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru cigenga Iwacu bahagaritswe kuwa 22 ukwezi kw’icumi uyu mwaka. Bafatiwe muri komine Musigati, intara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi aho bafungiwe. Bagirijwe n’icariho c’umushikirizamanza wa Repubulika i Bubanza "gukorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu”.

Batawe muri yompi bariko bakora ku nkuru y'igitero c'umugwi witwaje ibigwanisho wari waje uturuka muri Kongo. Umuhari Red Tabara ugwanya Leta y’Uburundi ufise ibirindiro mu ntara ya Kivu y’ubumanuko muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo wahavuye wemera ko abari bateye ari abagwanyi bawo. Igipolisi c’Uburundi cabise abagizi ba nabi gitangaza ko cishemwo 14 gifata n’inkoho.

Inkuru yateguwe n'umumemenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Abamenyeshamakuru b'Ikinyamakuru Iwacu Bagumijwe mu Munyororo
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:12 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG