Uko wahagera

Umunsi Wahariwe Iradiyo Usanze Abamenyeshamakuru Borohewe?


Ishirahamwe ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi risaba ko abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu bapfungiwe mw’ibohero rya Bubanza barekurwa.

Onesime Harubuntu ako kamo yagateye uno munsi isi ihimbaza umunsi wahariwe amaradiyo. Abanyagihugu bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bavuze ko bashima uburyo amaradiyo akorera mu Burundi akora. Gusa, banegura iburabuzwa n'itotezwa rya bamwe mu bamenyeshamakuru

Leta y’Uburundi ibicishije ku mushikiranganji wo kumenyesha amakuru yatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kijanye n’uno musi mpuzamakungu wahariwe amaradiyo. Mw’ijamwo ryiwe Umushikiranganji Frédéric Nahimana yatangaje intambwe Leta imaze gutera mw’ishingwa ry’ikigega co gufasha amaragiyo.

Uwo mushikiranganji ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mw'ijambo ryiwe yaneguye amaradiyo amwe amwe atanga akazi ku bamenyeshamakuru ariko adafise uburyo bwo kubahemba.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Desire Hatungimana

Umunsi Wahariwe Iradiyo Usanze Abanyamwuga Borohewe?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:50 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG