Uko wahagera

Abamenyeshamakuru ba Iwacu Baciriwe Imyaka Ibiri n'Inusu


Sentare nkuru ya Bubanza mu Burundi kuri uyu wa kane ku muhingamo yahanishije umunyororo w'imyaka ibiri n'igice abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru cigenga Iwacu. Umushoferi wabo wewe yejejwe.

Icaha bahaniwe cahinduwe: ubwa kare bagirizwa " ugufashanya n'abahungabanije umutekano w'igihugu", ubu bahaniwe " ukugerageza gufashanya n'abahungabanije umutekano w'igihugu"

Hambavu y’umunyoro w’imyaka ibiri n’amezi atandatu, Agnes Ndirubusa, Christine Kamikazi, Terence Mpozenzi na Egide Harerimana bategerezwa no kuriha ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’Amarundi umwumwe.

Ibikoresho vyabo birimwo akuma gafata amajwi, ama telefone yabo, udutabu bari bafise n’imodoka yabunguruje vyari vyafashwe umunsi bahagarikwa, sentare yategetse ko bisubizwa ikinyamakuru Iwacu bakorera.

Umwe mu bashingwamanza baburanira aba bamenyeshamakuru ba Iwacu yabwiye abamenyeshamakuru bari i Bubanza ko we na bagenzi we bagiye kunguruza iyi ngingo.

Bagifatwa bari muri komine Musigati, intara ya Bubanza bariko barondera amakuru ku mugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho wari waciye mu ma komine atari make ya Bubanza werekeza mw’ishamba cimeza rya Kibira.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Ivyaha Abamenyeshamakuru ba Iwacu Bagirizwa Vyahindutse
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:27 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG