Uko wahagera

Abamenyeshamakuru ba Iwacu Basabiwe Gufungwa Imyaka 15


Abamenyeshamakuru bakorera ikinyamakuru Iwacu
Abamenyeshamakuru bakorera ikinyamakuru Iwacu

Umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Bubanza mu Burundi yasabiye umunyororo w’imyaka 15, n’ukubuzwa uburenganzira bwo gutora canke kwitoza mu kiringo c’imyaka itanu abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu.

Ni mu ntahe y'icese bireguyemwo ku ncuro ya mbere. Umushoferi wabo muri iyo ntahe yarengutse yidegemvya.

Umushikirizamanza wa Repubulika muri urwo rubanza yategetse ko ibikoresho vyabo vyose birimwo imodoka barimwo igihe bafatwa, terefone na za cameras bihabwa Reta. Bagirizwa "gufashanya n'abashatse guhungabanya umutekano w'igihugu ".

Abamenyeshamakuru Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana, Térence Mpozenzi n'umushoferi wabo Adolphe Masabarakiza bahagaritswe igenekerezo rya 22 ukwezi kw'icumi uyu mwaka mu ntara ya Bubanza bagiye kurondera amakuru y’igitero cari cagabwe muri iyo ntara.

Bitegekanijwe ko urubanza rw’abo bamenyeshamakuru rwashizwe mu mwiherero rusomwa mu kiringo kitarenze iminsi 30.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Abamenyeshamakuru ba Iwacu Basabiwe Gufungwa Imyaka 15
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:21 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG