Uko wahagera

Abamenyeshamakuru 4 ba Iwacu Barakwije Umwaka mu Gasho


Abamenyeshamakuru bane bakorera ikinamakuru Iwacu
Abamenyeshamakuru bane bakorera ikinamakuru Iwacu

Kuri uno wa kane abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu gikorera mu Burundi barumanije umwaka bari mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Bakatiwe na sentare nkuru y’igihugu muri iyo ntara gufungwa imyaka ibiri bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu mu kwifatanya n’abagwanyi.

Christine Kamikazi, Agnes Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana bafatiwe mu ntara ya Bubanza igenekerezo rya 22 ukwezi kw’icumi mu mwaka 2019. Bagirijwe gukorana n’imigwi igwana mu gihe ariko imbere yo kuja aho i Bubanza babanje kubimenyesha abajejwe intwaro. Mu nyuma bahavuye binjizwa ibohero rikuru rya Bubanza ku rubanza baciriwe na sentare nkuru y’igihugu ya Bubanza.

Barunguruje muri sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa ariko ntaco vyahinduye, kuko igihano co gufungwa imyaka ibiri n’igice be n’ihadabu y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi cagumijweho. Ifungwa ryabo ryaratangaje ryongera rirababaza abanonosoye umwuga wo kumenyesha amakuru aho bamenyesha ko ata kosa ry’umuwga bakoze.

Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ, amenyesha ko ari itotezwa rikorerwa abamenyeshamakuru mu kazi kabo agasaba ko barekurwa. Muri kino gihe hari abamenyeshamakuru bari mw’ibohero bazira akazi kabo, Alexandre Niyungeko asaba abandi bari ku kazi kudacika intege bagakora akazi bubahiriza amategeko agenga umwuga.

Mw’itangazo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu arimwo Amnesty International, Human Right Watch na Committee to Protect Journalists yasohoye kuri uno wa kane aho abamenyeshemakuru Christine Kamikazi, Agnes Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana barumanije umwaka bafunzwe ryahavuye riterwako igikumu n’amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu n’ayabamenyeshamakuru kw’isi arenga 60, ayo mashirahamwe asaba ko abo bamenyeshamakuru barekurwa ubu nyene kandi atakirinze gusabwa kuko bafunzwe bazira akazi kabo.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko kugumiza abo bamenyeshamakuru mu munyororo ku nvo zidafashe vyerekana ko naho mu Burundi abatware bahindutse, ko reta y’Uburundi itaraba ryiza abamenyeshamakuru bigenga kandi ko itubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ikiri ku mutima. Ayo mashirahamwe abona kandi ko kugumiza abo bamenyeshamakuru mw’ibohero ari ubutumwa bw’iterabwoba kubandi bamenyeshamakuru kugira ntibabandanye bakora umwuga wabo uko wanditse bikaba no guca kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi kubijanye n’ubwigenge bwo gushikiriza iryo umuntu agona be n’amasezrano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.

Mwomenya ko kuva mu mwaka 2005, umugambwe CNDD-FDD ufashe ubutegetsi abamenyeshamakuru 12 bafunzwe, 2 baricwa abo ni Bigirimana Jean na Christophe Nkezabahizi yagandaguwe ari kumwe n’umugore wiwe n’abana batatu, amaradiyo mpuzamakungu Ijwi ry’Amerika na BBC y’Abongereza arugarwa, amaradiyo ane nayo yigenga araturirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG