Uko wahagera

Uburundi n'U Rwanda mu Bihugu Bihonyanga Itangazamakuru


Abamenyeshmakuru b'ikinyamakuru Iwacu bari mu mvuto
Abamenyeshmakuru b'ikinyamakuru Iwacu bari mu mvuto

Umuryango mpuzamahanga uharanira ubwigenge bw'itangazamakuru RSF( Reporters Sans Frontieres) uvuga ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw'isi bihungabanya ubwo bwigenge.

Mu cegeranyo wasohoye kuri uyu wa kabiri, ku bihugu 180, ico gihugu kiri mu kibanza ca 160 kikaba catakaje ikibanza kimwe ugereranije n'umwaka uheze.

Mu karere Uburundi burimwo uretse u Rwanda rwagumanye ikibanza c'i 155 ibindi bitari bike harimwo Tanzaniya yahora ifatwa nk'intangarugero muri ico gisata yatakaje ibibanza 6 vyose.

Mu cegeranyo c’uyu mwaka, RSF yemeza ko amakuru yigenga n’itangazamakuru ryigenga bishobora guherengetera mu Burundi.

Uwo muryango ufise icicaro i Paris mu Bufaransa uvuga ko kuva habaye ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo mu mwaka w’I 2015 ibintu vyakomeje kunyuka muri ico gihugu ca Afrika y’ubuseruko.

I ruhande yo kwankira abamenyeshamakuru mvamakungu kwinjira gukorera hagati mu gihugu, Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri RSF yiganiye Ijwi ry’Amerika ibishimangira ikibanza ca 160 Uburundi bwashizwemwo.

Mu majambo yiwe yagize ati: « Mu myaka itanu y’indyane, ubutegetsi bwakomeje mu murongo wo gucinyiza ubwigenge bw’itangazamakuru, aho inkuru zivuga ibidahimbara Leta zitihanganirwa na gato, aho inkuru zigenga ari nk’ikarata y’uguhamwa.

Amaradiyo yaraturiwe, abamenyeshamakuru hafi ijana barahunga kubera badashobora gukora bigenga none akarikora raba bagenzi bacu b’ikinyamakuru cigenga Iwacu batawe muri yompi, bakatirwa imyaka ibiri n’igice y’agahotoro yo gufungwa kubera bubahutse kuja kurondera inkuru umumenyeshamakuru wese yokoze mu gihugu ciwe.

Abamenyeshamakuru b’Abarundi bama bazi ikibarindiriye, ubu ukwihana mukudakora inkuru zimwe zimwe wabaye umuco, kuko isugerezwa rirakomeje. Tutagiye kure dufate ivyashikirijwe n’umuvugizi wa perezida yagereranije Iwacu n’umugera bitewe n’agakosa koba kabaye mu gusobanura ikiganiro yari yatanze tukaba tuzi ko urwo ruganda rufise abamenyeshamakuru bane mw’ibohero, umwe mubakozi Jean Bigirimana akaba yabuzwe irengero hagire hahere imyaka ine ata matohoza nyayo abaye.

Biboneka ko amakuru yigenga ariko arapfa mu Burundi nayo abayaharanira bagaterwa ubwoba. Ni icago ku gihugu urabiye ku bihugu biri hagati y’ikibanza ca 160 na 180 ari naco ca nyuma, bigaragara ko ata terambere rishoboka ata bwigenge bw’itangazamakuru », ni ko Arnaud Froger yemanga.

Tumubajije niba hari icizere kihari ko ibintu bishobora guhinduka, yishuye ati : « Muri rusangi n’igihushane. Ubutegetsi bw’Uburundi bwaritondeye neza kuzivya igisata c’itangazamakuru n’ugutahuza neza ko amakuru atifuzwa atazigera yihanganirwa. Urubuga rurugaye. Hari amaradiyo mpuzamahanga nka BBC n’Ijwi ry’Amerika yugawe n’abamenyeshamakuru bafunzwe bazira umwuga.

Ibi vyiyongera ku materaniro perezida yagirishije abamenyeshamakuru yita inyigisho zo gukundisha igihugu aho ata majwi canke amasanamu yafatwa canke ngo hagire uwihenda ngo yandike. Haruhande hari abamenyeshamakuru baterwa ubwoba n’Imbonerakure, bikibonekeza ko vyose vyateguwe kugira ntihabe uwuryogora.

Harateguwe icuka c’imyiyamamazo izoba ata nkuru zigenga zishoboka. N’irinde ku gihugu gisanzwe kirimwo igihushane c’itegurwa ry’amatora ari mu muco, yizewe kandi yemewe na bose”

Kubw’uwu mugabo atwara akarere ka Afrika muri RSF, ibihugu kw’isi no mu karere birarabiranirako mugucinyiza itangazamakuru.

Froger mu kiganiro cihariye n'Ijwi ry'Amerika yagize ati: "Umva umwe wese akoporora ibikorwa n’umubanyi hose no muri Afrika harimwo. Mbega Tanzaniya ya Pombe Magufuli yoba yigira ku karorero k’u Rwanda ko gucungera amakuru? birashoboka.

Ingaruka ku gihugu ku bijanye n’itangazamakuru n’isura yaco ziteye agahinda, Tanzaniya yatakaje ibibanza 57 vyose kuva muri 2016 mu cegeranyo gitangwa na RSF buri mwaka. N’ubwo cari igihugu c’intangarugero mu karere, uyu musi abamenyeshamakuru bafise ubwoba bwo kuhakorera.

Ku rundi ruhande, ikura meza rya perezida Kabila muri Kongo ryabaye umwizero kubwigenge bw’itangazamakuru, ku bamenyeshamakuru n’ibinyamakuru vyo muri Kongo bakorewe amabi, mbere nico gihugu ca mbere musi ya Sahara RSF yatohojemwo amabi menshi kurusha ku myaka myinshi.

Na none ariko ivyo abategetsi bashasha basezeranye bitegerezwa kuja mu bikorwa kugira izo mpinduka zirame”

Mu karere, Republika ya Demokarasi ya Kongo iri mu kibanza ca 150 ikaba yungutse ibibanza bine ugereranije n’umwaka uheze, u Rwanda rwagumanye ikibanza ca 155, Tanzaniya nayo yatakaje ibibanza bitandatu iza ubwa 124, Kenya igira ubwa 103 itakaza ibibanza bitatu, Ubuganda ntibwatakaje mu kibanza ca 125 mu gihe Sudani y’amaja epfo yabaye iya 138 yunguka inota rimwe.

Muri uyu mwaka w’I 2020, ibihugu 21 kuri 48 vya Afrika RSF yakozemwo amatohoza, biri mubanyeshure babi canke ba ruhebwa mu bijanye n’ukubahiriza ubwigenge bw’itangazamakuru.

Kw’isi yose, ku ncuro ya kane, igihugu ca Norvege ni co kiza ubwa mbere mu gihe Koreya ya ruguru yugaye umurongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG