Uko wahagera

Imyaka 4 Irarumanye Umumenyeshamakuru Jean Bigirimana Anyurujwe


Jean Bigirimana
Jean Bigirimana

Kuri uyu wa gatatu imyaka 4 irarumanye umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu cigenga mu Burundi anyurujwe akagenda mazimayongo. Jean Bigirimana yanyurujwe n’abantu bataramenyekana ahitwa i Bugarama mu ntara ya Muramvya. Amatohoza ya nyuma y’ico kinyamakuru yerekana ko yahamagawe na bamwe mu bakora mu rwego rw’iperereza. Yamara, igipolisi cavuze ko kikibandanya amatohoza yaco.

Umufasoni Godeberthe Hakizimana, yasizwe na Jean Bigirimana yabwiye Ijwi ry'Amerika aho ari mu buhungiro ko ata cizere agifise co kongera kumubona canke kumuhambana iteka. Yasavye ariko ubutegetsi bushasha gutegeka ubutungane kugira bumutunganirize, co kimwe n’abandi bafise ababo bagiye mazimayongo.

Umupfasoni wa Jean Bigirimana Avuga ko ata cizere co gushingurana iteka uwiwe agifise
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00

Muthoki Mumo, atwara igisata ca Afrika yo munsi ya Sahara mw'ishirahamwe riharanira agateka k'abamenyeshamakuru CPJ, avuga ko bibabaje kubona uyu munsi ushitse mu gihe hari abamenyeshamakuru bane b’Ikinyamakuru Iwacu, Bigirimana yakorera, bafunzwe. “Ati umuryango CPJ uhamagarira Perezida w’Uburundi gutangura gushira mu ngiro ivyo yiyemeje aho yatorwa, ku vyerekeye agateka ka zina muntu, ubutungane, kworohereza ibimenyeshamakuru, no gufungura abafunzwe duhereye kuri bagenzi bacu 4 b’ikinyamakuru Iwacu.

Amatohoza ku banyuruje Jean Bigirimana no kureka abantu bagashikiriza ivyiyumviro vyabo ataco binona, vyonatuma n’abamenyeshamakuru bahunze bahunguka bakaja gukorera mu gihugu”.

Ubwo buhungiro CPJ rivuga ni na bwo umuryango wa Jean Bigirimana n’abana biwe babiri b’abahungu babamwo kuva mu mwaka w’2018. Umugore wa Bigirimana yemeza ko we n’abo bana bamaze kwinjira mu buzima bushasha. Icegeranyo giheruka c’umuryango utagira imbibe witaho ineza y’abamenyeshamakuru Reporters Sans Frontières, gishira Uburundi mu bihugu 20 biza imbere mu guhohotera agateka k’abamenyeshamakuru. Imirongo ya FM y'amaradiyo mpuzamakungu nka VOA y’abanyamerika na BBC y’abongereza yarahagaritswe mu gihugu umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG