Uko wahagera

CNC Ishobora Kwugurura FM za VOA na BBC Umwanya n'Umwanya


Karenga Ramadhan aramutswa urwego CNC
Karenga Ramadhan aramutswa urwego CNC

Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi rwatangaje ko rurindiriye intumwa z’iradiyo Ijwi ry’Amerika na BBC kugira rurabe ko rwosubira kwugururura imirongo ya FM y’ayo maradiyo.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Karenga Ramadhan aramutswa CNC yavuze ko indongozi z’ayo maradiyo zandikiye urwo rwego aho hari amakosa amwe amwe muyatumye zifatirwa ibihano bemeye.

Ku ruhande rw’Ijwi ry’Amerika, Karenga yasiguye ko bimwe muvyo Ijwi ry'Amerika yemera ari uko itisunze uburemere bw’ibibazo vy’Uburundi, mu gihe ibindi bibazo kubw’iyo radiyo bikwiye kuganirwa hagati y’izo mpande zibiri kuko ata vyemezo Ijwi ry'Amerika ibifiseko.

Ku ruhande rwa BBC naho, Karenga yavuze ko amakosa bagirije iyo radiyo yayemeye ifatiye ku kiganiro yoba yarakoze kitisunze amategeko y'umwuga n’ayagenga BBC.

Hambavu y’Ijwi ry’Amerika na BBC vyijejwe gusubizwa FM mu Burundi, CNC yavanye mu bihano ikinyamakuru ca Reta “Le Renouveau” cari cugawe gihorwa kwandika mu congereza n’igiswahiri.

Mu gihe bamwe mu bamenyeshamakuru b’Ijwi ry’Amerika na BBC mu Burundi batoroherezwa n’ababima amakuru basigura ko batovugira ku maradiyo ari mu bihano, uwego CNC rwibukije ko ingingo yo kugara FM idasigura ko Abanyamakuru b’ayo maradiyo badakora.

Imirongo ya FM y’Ijwi ry’Amerika na BBC mu Burundi yugawe kuva Kw’igenekerezo ry’indwi ry’ukwezi kwa gatanu uno mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG