Uko wahagera

RSF Iranegura Ingingo y'Uburundi ku Binyamakuru


Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, “Reporters Sans Frontieres” ryiyamirije ingingo y’urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura umwuga w’ugutangaza amakuru mu Burundi, CNC, y’uguhagarika ibiganiro vy’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu yafashwe na Reta y’Uburundi uno musi ku wa gatanu.

Ishirahamwe” Reporters Sans Frontieres”, rivuga kw’iyo ngingo igenewe kubuza itangazamakuru mu kiringo gukwirikirana imyiyamamazo yerekeye referandumu kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Urwego CNC mu Burundi rwagiriza amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika ko yarenze ku mategeko agenga umwuga w’ugutangaza amakuru.

Urwego CNC rwamenyesheje kw’ibiganiro vy’ayo maradiyo abiri bizoziririzwa mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu kuva kw’italiki indwi z’uku kwezi kwa gatanu.

Ishirahamwe, “Reporters Sans Frontieres” ritangaza ko kuziririza amaradiyo mpuzamakungu abiri akomeye cane imisi mikeyi imbere ya referandumu kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro vyerekana ku buryo bugaragara kw’abategetsi b’Uburundi bashaka kubuza ko haba impari ku vyerekeye iryo bwirizwa shingiro kandi ko birtyoza uburenganzira bw’ukuronka amakuru.

Iryo shirahamwe ryibutsa ko ata ngingo ifatiye kuri demokrasi n'imwe ishobora gufatwa mu gihe itangazamakuru riziririjwe kurangura umwuga waryo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG