Uko wahagera

Burundi: CNC Isaba Inzego Kworohereza Abamenyeshamakuru


Karenga Ramadhan arongoye urwego CNC rugenzura ingene ibimenyeshamakuur bikora mu Burundi
Karenga Ramadhan arongoye urwego CNC rugenzura ingene ibimenyeshamakuur bikora mu Burundi

Urwego rujejwe gucungera ukugene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC, ruranegura inyifato y’abatse ivyuma vy’akazi umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Kirundo, Jean Bosco Ndarurinze ku musi wa mbere.

Mw’itangazo urwego CNC rwasohoye, rumenyesha ko ingingo ihagarika imirongo ya FM y’Ijwi ry’Amerika, ataco ihindura ku kugene Abamenyeshamakuru b’iyo radiyo bakora mu Burundi. CNC yasiguye ko yahagaritse FM z’Ijwi ry’Amerika ariko abamenyeshamakuru babandanya bakora ukuri kwamye, yongera ibasaba kumenyesha bidatevye intambamyi zose bashobora guhura nazo.

Muri iryo tangazo, CNC yahamagariye abajejwe intwaro kworohereza abamenyeshamakuru mu kazi kabo kandi bagakorana nkuko vyari bisanzwe.

CNC yasozereye ivuga ko yiyemeje kubandanya ikorana n’ibinyamakuru no gukwirikirana ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwubahirizwa mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG