Uko wahagera

USA: Ingingo y'Uburundi ku Binyamakuru Irababaje


State Department
State Department

Reta zunze ubumwe z’Amerika zimenyesha ko zibabajwe n’ingingo zifatirwa mu Burundi kandi ko ayo makenga yamaze gushikirizwa reta y’Uburundi.

Ivyo bishikirijwe inyuma y’aho urewego CNC rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi rufatiye ingingo ku musi wa gatanu, yo guhagarika Radiyo Ijwi ry’Amerika na BBC y’Abongereza gutangaza ibiganiro ku mirongo ya FM muri ico gihugu, mu kiringo c’amezi atandatu, guhera kw’igenekerezo rya 7 ry’uku kwezi kwa gatanu.

Mw’itangazo ryashikirijwe na deparotema ya reta y’Amerika kuri uyu wa gatanu, Amerika imenyesha ko ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru ari ikintu gihambaye mu ntwaro irangwa na demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG