Uko wahagera

Burundi: Umumenyeshamakuru Jean Bigirimana Yarabuze


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Jean Bigirimana vyamenyekanye ko yahagaritswe nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’igice z 'umugoroba ku musi wa gatanu w’indwi twaraye turangije. Umupfasoni wiwe amenyesha ko umunega wiwe yari yavuye ku muhana iwe muri zone Kamenge mu buraruko bwa Bujumbura nk’igihe c’isaha indwi zirenga iminota mikeya.

Mu masaha y’umugoroba niho yumva umuntu amwakuye kuri terefone amubwira ko umugabo wiwe yafatiwe i Bugarama muri komine n’intara ya Muramvya. Ico gihe abamuhaye ayo makuru bamumenyesheje ko yafashwe n’bakozi b’iperereza bari kumwe n’abajejwe intwaro.

Gushikubu umupfasoni wa Jean Bigirimana yemeza ko umucance wiwe ata kintu na kimwe yobona cotuma afatwa. Asigura ko haba mu kazi no mu kibano ata ngorane yarafitaniye n’abantu. Uwo mupafasoni asaba inzego z’umutekano kumufasha kurondera no gukingira uwo bubakanye.

Gushikubu, igipolisi kivuga ko ata makuru y’iburwa rya Jean Bigirimana, kiraronka kandi yaba umuryango canke abakoresha biwe atawuracitura.

Umuyobozi mfatakibanza w’ikinyamakuru Iwacu amenyesha ko umumenyeshamakuru Jean Bigirimana, n’ubu ahari hataramenyekana. Léandre Sikuyavuga, asanzwe ari n’icegera c’umukuru wa OPB urwego rwo guhanurana hagati y’abamenyeshamakuru.

Imbere y’ugukora mu kinyamakuru Iwacu, Jean Bigirimana yarakoze muri Radio Rema FM. Akaba yarigeze n’ukuba umuyobozi w’ubudandaji muriyo radiyo. Yarasanzwe kandi akorera n’ikinyamakuru gica ku buhinga bwa none Info Grands Lacs.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ni we yakurikiranye iyi nkuru ari i Bujumbura.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:53 0:00

XS
SM
MD
LG