Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yabujije Abamenyeshamakuru Gukorana na VOA


Reta y'Uburundi yahagaritse burundu iradiyo y’Abongereza, BBC, kandi yanzura ko ata mumenyeshamakuru yaba Umurundi canke umunyamahanga ari ku gataka k’Uburundi yongera gutanga amakuru canke gukorana na Radiyo Ijwi ry'Amerika.

Mu kiganiro Nestor Bankumunzi arongoye CNC yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko iyo ngingo itegerezwa kuja mu ngiro guhera kuri uno wa gatanu.

Bankumukunzi yasiguye ko kuva Ijwi ry’Amerika igihanwa mu kwezi kwa gatanu mu 2018 abategetsi b’iyo radiyo ifise icicaro i Washington DC batigeze berekana ishaka ryo kuza mu Burundi gusinya amasezerano y’ingene bokora nkuko ibindi bitangazamakuru bikorera mu Burundi vyabikoze.

Ku rundi ruhande ubuyobozi bwa radiyo Ijwi ry’Amerika butangaza ko bwasavye ubutegetsi bw’Uburundi kubatumira kugira ngo baze kuganira kuri ico kibazo ariko kugeza ubu ata nyinshu buraronka.

Ubuyobozi bw’Ijwi ry’Amerika busigura ko bufise ugushaka n’inyungu nyinshi ko ico kibazo gitorerwa inyishu bidatevye kugira abanyagihugu b’Abarundi babashe kuronka amakuru atomoye. Abategetsi ba VOA bavuga ko biteguriye kuja kuvugana n’abategetsi bo mu Burundi igihe cose bobatumira.

Ikindi catumye Ijwi ry’Amerika ryongererezwa ibihano nkuko Bankumukunzi yabisiguye ni uko iyo radiyo ibandanya gukoresha umumenyeshamakuru aronderwa n’ubutungane bw’Uburundi kandi ico gihugu cari carasavye Ijwi ry'Amerika kumuvana mu kazi.

Ku ruhande rw’iradiyo y’Abongereza BBC urwego CNC rwavuze ko yugawe burundu ku butaka bw’Uburundi. Bankumukunzi yavuze ko naho BBC yasavye ikigongwe yemera amakosa yagirijwe ubwa mbere mu nyuma yongeye gukosha mu gukora ireresi “yuzuye ibinyoma” vyambika iceyi Uburundi.

Iyo reresi BBC yise "Kamwe Kamwe _Inside Burundi’s Killing Machine" yagaruka ku matahoza iyo radiyo yakoze yerekana ubwicanyi n'itotezwa bikorerwa abatavuga rumwe na Reta. Mu gihe ubutegetsi mu Burundi bwavuze ko iyo reresi ari irementanya BBC yo yemanga ko ihagaze ku matohoza yayo.

Kuva mu kwezi kwa gatanu mu 2015 hadutse imvururu zifatiye kuri manda y'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Pierre Nkurunziza, amaradiyo yigenga ari mwo RPA, Bonesha FM na Renaissance yarugawe yagirizwa kugira uruhara mu guhakwa guhirika ubutegetsi bwa Prerezida Nkurunziza.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abamenyeshamakuru b'Abarundi, UBJ, rivuga ko abamenyeshamakuru barenga ijana bakorera ayo maradiyo bari mu buhungiro kuva mu 2015

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG